top of page

UBUSHAKASHATSI BUGARAGAZA KO MU RWANDA HABARIZWAMO UMUNEZERO MUCYE


Nkuko tubikesha BBC Gahuza, ngo u Rwanda ruri mu bihugu bicye bibuzemo


umunezero wa Rubanda. Kandi ni mugihe kuko nubundi twese tuzi ko mu Rwanda ariho ubuzima bwa muntu buhendutse kuburyo kububura ntacyo bihangayikisha inzego z'ubutegetsi ziriho mu Rwanda. Buri wese aba yiteze cyangwa yiteguye kuba umukandida w'urupfu igihe cyose. Kubera ako kaga abanyarwanda barimo, nta mwana ukizera ababyeyi be, abavandimwe barahanganye kubera FPR, amoko arebana ayingwe.......

Ibyo bikaba byatangajwe n'ikinyamakuru cya BBC Gahuza. Hakaba hatangazwako ahubwo Ubusuwise bwasubiye kuba ubwa mbere nk'igihugu c'umunezero kw'isi ku bw'icegeranyo c'iyu mwaka.

Ico gihugu c'ama chocolat , amasaha azimvye, ama banki y'abikorera ivyabo n'ibibanza vyo guserereka ku rubura (ski) ribaye irya gatatu buza kw'isonga ry'ico cegeranyo c'urugero rw'umunezero gikorwa n'ikigo Sustainable Development Solutions Network (SDSN), catangujwe ku mugambi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ubuswise bukurirwa hafi cane na Islande,Danemark,Norvege na Canada.

Togo, Uburundi, Benin na Syria cugarijwe n'intambara hamwe n'Urwanda biri mu vya nyuma mu kunezerwa.


Ndebera nawe Rubanda rw'ejo n'urwejobindi uko ruhagaze. Ndebera nawe umbwire niba hari urimo useka. Byose ni ukubera umunezero mucye bafite.

Birababaje cyane ariko ubu butegetsi bwa FPR buzabazwa amaraso y'aba bana babanyarwanda byanze bikunze.

Ico cegeranyo cihweje ibihugu 158 kandi kikaba gifise intumbero yo kugira ama reta hagire ico akoze kuruta.

Ico cigwa gishingira ku bipimo vya Gallup World Poll hanyuma kikaraba ibintu bitandukanye birimwo amafaranga umunyagihugu aronka ku mwaka muri rusangi, imyaka umuntu ashobora kumara afise amagara meza, urugero rw'ibiturire hamwe n'uburenganzira bwo kwishira no kwizana.

Ikigo SDSN kirimwo abantu b'abashakashatsi bo muri za kaminuza, abo mu maleta hamwe n'abo mu gisata c'abikorera ivyabo, icegeranyo caco ca mbere kikaba casohotse mu 2012.

BBC/ on Venant Magazine's publication


No tags yet.
RSS Feed
PayPal ButtonPayPal Button

VM

bottom of page