Agathon Rwasa agiye kwitoza ku giti ce
- Venant NKURUNZIZA
- Dec 6, 2014
- 2 min read

Uwahoze ari umukuru w'umugambwe FNL, Agathon Rwasa, avuga ko agiye kwitoza ku giti ce ngo mu gihe ata runani rwemewe yojamwo kandi akaba ata mugambwe afise.
Bwana Rwasa yabwiye BBC ko azokwitaba amatora y'umukuru w'igihugu ku bwiwe, bimwe bita candidat independant mu Gifaransa.
Abajijwe icatumye afata ico cemezo, bwana Rwasa yavuze ko igihe gisigaye ari gito kugira abe yogira umugamwe, ngo kandi urunani ADC Ikibiri arimwo rufise intambamyi yo kuba rutemewe n'amategeko.
Guhunga igihugu
Rwasa yaserukiye umugambwe FNL mu matora yo mu 2010, ironka amajwi 14% mu matora y'amakomine, imbere yuko yo hamwe n'iyindi migambwe itavuga rumwe na leta yikuye mu matora ivuga ko arimwo ubusuma.
Rwasa yatahutse mu Burundi nyuma y'imyaka itatu asubiye guhunga.
Agathon Rwasa yaciye ahunga igihugu, mu nyuma umugambwe FLN iramusubiriza agaruka mu gihugu ata mugambwe afise, ariko yiyunga n'urunani rw'iyindi migambwe itavuga rumwe na leta, ADC Ikibiri.

Kutumvikana na ADC Ikibiri
Abajijwe niba iyi ngingo yo kwitoza ku giti ce itatewe n'uko mu runani ADC hari ukutumvikana, bwana Rwasa yavuze ko amakenga atobura.
Yatanze akorero k'inama ADC Ikibiri iherukamwo muri Uganda agira ati:" Haje umuntu ambwira ko hari uwemeye kurihira itike abo muri DCD bakaja mu nama.
"Namubajije nti uwo muntu ninde? Ngo n'ibanga; ico gihugu tugiyemwo ni ikihe? Ngo ni kimwe mu bihugu bibanyi; hazokwigwa iki muri iyo nama? Ngo ni ibanga".
Bwana Rwasa yabandanije avuga ko mugihe utabwiwe ibintu bito nk'ivyo ngo biragowe kugira icizere, eka mbere ngo n'ivyavuye muri iyo nama yavyumviye mu maradiyo.
Uwahoze ari umukuru wa FNL avuga ko yizera kugira ico akura mu matora ngo kuko abakeneye ko ibintu bihinduka ari benshi.
Ngo azokorana n'abo bose bashaka, yaba imigambwe canke abantu ku giti cabo mu gushikana Abarundi ku mahinduka bifuza.
Urunani na UPRONA ya Charles Nditije
Ku makuru agize iminsi avugwa mu Burundi ko Rwasa agiye kwiyunga na UPRONA ishami rya Charles Nditije, bwana Rwasa yabariye BBC ko atari UPRONA gusa, ngo imiryango yiwe yugururiye uwo wese avyipfuza, harimwo na ADC Ikibiri.
Amatora mu Burundi azoba mu mwaka uza guhera mu kwezi kwa gatanu, igikorwa co kwandika abazotora kikaza kigiye gukwiza indwi imwe.
Inkuru ya BBC.
Komentáře